UNHCR | Abantu bitwaje ibirwanisho nibo bahohotera bamwe bamwe mu bahunga

0

49c3cbc27

Abarundi bashika 50 000 nibo bamaze guhunga Uburundi bahungira mu bihugu bibanyi vy’urwanda Tanzania na Congo. Nkuko vyashikirijwe na Adrian Edwards ko abo barwiriyemwo abagore n’abana harimwo n’imiryango yaburanye hagati yabo.

Nkuko Amakuru dukesha Bagenzi bacu b’i Geneve aho iryo shirahanwe mpuzamakuru rishigikira impunzi UNHCR ryahereye ikiganiro abamenyeshamakuru ngo barashimira ivyo bihugu bibanyi vy’uburundi kuko bidahengeshanya gufasha impunzi. Akaba yabandanije amenyesha ko basavye uburundi ngo bworohereze abahunga.

Gushika ubu rero abahunga bakaba bangana na 25004 mu Rwanda, 17696 muri Tanzaniya, abababa 8000 nabo muri Republika iharanira Demokrasi ya Kongo.

Adrian Edwards yanamenyesheje ko intara za Muyinga na Ngozi arizo zibonekezamwo cane abahunga ariko kandi ko na Bujumbura iriko Ibonekamwo abahunga batari bake babonekamwo abanyeshure ba kaminuza. Nayo ngo abahunga bagenda bavuga ko bahunga abantu bitwaje ibirwanisho, mu guhunga naho ngo bagafata inzira z’ishamba.