UN Human Rights Council Mu Nama ya 38, ikibazo c’Uburundi Kirimwo.

0

Mu nama yatanguye uyu musi itariki 18 Ruheshi 2018 i Geneve mu murwi wa ONU ujejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu muri UN Human Rights Council uyu musi iramutse igira inama ya 38 aho ikibazo c’Uburundi mu bijanye no kwubahiriza agateka aka zina muntu kiza gusubira kwigwa kandi.

Mw’ijambo umuhagarikizi wa Human Rights Council, Zeid Ra’ad Al Hussein, amaze gushikiriza ku Burundi, yashikirije ko gushika n’ubu Leta y’Uburundi itarashaka ko abakora amatohoza bigenga mvamakungu bakorana mu gutohoza ku bijanye no guhonyanga agateka aka zina muntu mu Burundi.

Zeid Ra’ad Al Hussein yamenyesheje ati ku bijanye n’Uburundi: “Naho Uburundi bwemeye gukorana n’abahinga bagenywe na UN Human Rights Council mu mwaka uheze bo gukora amatohoza, uwo mugwi w’abahinga bigenga warirukanwe mu Burundi mu kwezi guheze kandi ukaba utarasubira kwemererwa gusubira mu Burundi”.

Zeid Ra’ad Al Hussein abandanya amenyesha ati: “Umugwi mpuzamkungu washinzwe mu mwaka wa 2016 nawo warabujijwe gushika mu Burundi, kandi abategetsi bakaba baranse kurangiza ibiganiro kugira basubire gukorana neza”.

Yabandanije amenyesha ko “agateka ka zina muntu mu Burundi kabandanya kononekara mu gihugu hose. Leta y’Uburundi ibandanya ishiraho inzitizi ku banyagihgu, kandi ingingo yo guhinyanyura ibwirizwa shingiro yaratumye haba amakenga mu bijanye n’agateka ka zina muntu…harimwo abavugwa bashika ku 44 bahohotewe abandi barafungwa”.

Zeid akaba yasubiye gusaba leta y’uburundi gusubira gukorana n’amakungu mu bijanye no kwubahiriza agateka ka zina muntu.