Ivyo biruko mu gihe vyari vyitezwe imigenderanire myiza hagati ya Donald Trump na Vladmir Putin yogenze neza kuruta uko vyari kuri Barack Obama!
Ejo bundi Umuhanuzi w’Umutekano wa Trump,Michael Flynn, yaratanze imihoho kubera imigenderanire itabereye yagiranye n’Uburusiya.
Ariko Uburusiya bwobwo busa nubwatangajwe niryo tangwa ry’imihoho ryiwe, buvuga ko ivyo bitabaraba,ko ari ibiraba Ibikorwa vyintwaro ya Amerika,rero bikavugwa ko Flynn yarafitaniye imigenderanire ya hafi na Putin.
Flynn yari yagize uruhara cane mukwiyamiriza Hillary Clinton.
Ivyo vyaciye bituma mu butegetsi bwa Amerika haba ibintu bitari vyitezwe!
Inyuma yaho Flynn atangiye imihoho, benshi mu ba senateri bo mu ba Republicains naba democrates baciye basaba ejo kuwakabiri itohoza ryimbitse ku bakozi bose begereye Donald Trump!

Inyuma yaho Ikinyamakuru New York Times catangaje ko abegereye Trump bose bagiraniye ibiyago n’abakozi b’iperereza b’Uburusiya imbere yuko Trump afata ubutegetsi,ivyo navyo bikaba bihanwa n’amategeko muri ico gihugu!
Spicer,Umuvugizi w’Ubutegetsi bwa Amerika ejo bundi yamenyesheje ko Trump “yiteze” ko Uburusiya busubiza intara ya Crimée kuri Ukraine.
Ariko kuruyu musi,nkuko tubikesha ikinyamakuru Reuters,Uburusiya bwamenyesheje ko butazosubiza iyo ntara ya Crimée kuri Ukraine, ko mbere “ata n’ibiganiro bikenewe” kuri ico kibazo!
Ikindi kandi ni uko mbere Uburusiya ubu bwagirizwa na Leta Zunze Ubumwe Za Amerika kwivanga mumatora ya Amerika muri Munyonyo 2016, bukaba bwarafatiwe n’ibihano na Amerika!
Mukamenya kandi ko hari nibindi bibazo Amerika badahurizako nko ku vyerekeye intambara iriko ibera muri Syria, ku vyerekeye Ibigwanisho Ruhonyanganda, n’ibindi.
Vyoba bigiye kugenda gute hagati ya Amerika n’Uburusiya?Mbega imigenderanire izobandanya neza nk’uko vyari vyitezwe?Kazoza kazovyerekana…
Tuzobandanya tubaha amakuru y’ukuntu ibintu bigenda biba hagati ya Amerika n’Uburusiya uko imisi izoza irahaca.
Recent Comments