Umwe mu bakozi bakuru mw’ishirahamwe REGIDESO yasabiwe gupfungwa imyaka 14

0

Umwe mu bategetsi bo mw’ishirahamwe REGIDESO rijejwe guhingura n’ukudandaza amazi n’umuyagankuba mu Burundi yagirizwa kunyuruza ibikoresho vy’iryo shirahamwe yasabiwe gupfungwa imyaka 14, uwundi mugabo yagirizwa ko bakoranye mu kunyuruza ivyo bikoresho nawe akaba yasabiwe gupfungwa imyaka 17. Ico gihano bagisabiwe n’umushikirizamanza mukuru wo muri Sentare ijejwe kurwanya igiturire.

Abo basabiwe gupfungwa ni Arcade MISAGO yahora arongoye igisata c’umuyagankuba mw’ishirahamwe REGIDESO, mu karere k’ubumanuko. Uwo yasabiwe gupfungwa imyaka 14 hamwe n’ugutanga ihadabu ry’amafaranga y’amarundi agera ku bihumbi mirongo itandatu (60.000 Frs Bu). Arcade MISAGO yagirizwa kunyuruza ibikoresho vy’ishirahamwe REGIDESO yakorera, ivyo bikoresho bikaba bifise agaciro k’amafaranga y’amarundi arenga gato imiriyoni 11, nk’uko vyemejwe mu ntahe y’icese n’umushikirizamanza mukuru wo muri Sentare ijejwe kurwanya igiturire.

Uwundi yasabiwe umunyororo ni Onesphore NKUNZIMANA yasabiwe gupfungwa imyaka 17 hamwe n’ihadabu ry’amafaranga y’amarundi agera ku bihumbi mirongo itatu (30.000 Frs Bu). Uwo Onesphore NKUNZIMANA nawe yagirijwe ko ariwe yaguze ivyo bikoresho vya REGIDESO.

Urwo rubanza rwashizwe mu mwiherero.

Uwo mukozi mukuru w’ishirahamwe REGIDESO arengukishijwe mu butungane inyuma y’aho umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA afatiye ingingo y’uguhindura abatwara iryo shirahamwe REGIDESO, kuva ku buyobozi bukuru, gushira ku buyobozi bujejwe ubudandaji.