Umwe mu bagize CNARED ntacemera ibiganiro

0

Umwe mu bagize urunani CNARED ruhurikiyemwo abatavuga rumwe n’ubutegetsi, akaba n’umuvugizi w’urwo runani avuga ko ibiganiro bihuza abarundi bishigikiwe n’ishirahamwe rya Afrika y’ubuseruko (EAC) bitakiriho.

Jeremie MINANI asanzwe ari n’umukuru w’umugambwe RDB (Rassemblement des Démocrates Burundais) amenyesha ko ivyo biganiro bidahari kandi ntanibizobaho kuko ku bwiwe, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ntavyo azopfa yemeye.

“Ibiganiro Petero NKURUNZIZA ashaka n’ivyo kugabura ubutegetsi maze yigumire ku butegetsi, amabi yose amaze amezi cumi n’umunani akora ace aba akamizwe n’ingoma. Umwanya rero tumaze twihambira ku biganiro bitazigera bibaho urakwiye, harageze ko tuja hamwe tukagwanya NKURUNZIZA dukoresheje ururimi yumva narwo ni ugwa gisirikare.”, uko niko umuvugizi wa CNARED yabishikirije.

jere

Jeremie MINANI abwira abadashigikiye ubutegetsi bw’i Bujumbura ko umuntu wese azosubira kubabwira ivy’ibiganiro bomufata nk’umubeshi kuko azoba ariko arahuguza, akabasaba kwiyunge bose, bashigikirane mu gukoresha inguvu kugira basenyure Reta ya Petero NKURUNZIZA.