Biteye ubwoba cane ” Mugihugu ca Namibia hari umwana wumuhungu wamezi abiri gusa yavukanye amaguru ane ( 4), uno musi rero uwo mwana bakaba bamukoreye Operation mubitaro vyomuri south africa (Red Cross War Memorial ) kugirango asigarane amaguru abiri gusa.
Aba Doctor bavuga ko vyatwaye amasaha icenda kugirango bakureko amaguru abiri ariko ubu nkuko ikinyamakuru co muri South Africa kibimenyesha, bo bavuga ko kugeza ubu uwomwana kwariko aratora mitende
Uwomwana yavutse afise amaguru ane ariko abantu benshi bibaza ko vyabaye nkuko kubera yabo yaramahasa yapfuvye bityo bigaca bituma uwomwana avukana amaguru arenze.
Umumama wuwomwana , Ruthy Mutanimiye igihe yarari kubitaro yavuze yuko ubu umwana wiwe koyatoye mitende cane kandi ko afite umunezero udasanzwe kuko amahera yo gukorera Operation uwomwana ntaho yoyakuye ariko yashimiye ubutegetsi bwomuri Namibia kuba bamufashije kuriha amahera yose yarakenewe kwariha.
Ester Paulus umuvugizi wibijanye nubuzima bwumuntu yavuze ati : Ibintu vyo gufasha twabitanguje kugirango tuze turafasha abatishoboye ninaco gituma twemeye gufasha unomwana kugirango ubuzima bwiwe bubandanye.
UBMNews turashimira cane abategetsi hamwe naba Doctor bemeye bagakora uko bashoboye kwose kugirango bavure uwo mwana yavukanye amaguru ane (4)
Aya namapica yerekena ukuntu vyari bimeze bariko baramubaga bamukorera Operation
Posted by Eric Nyandwi
Recent Comments