‘Umwana w’imyaka 18 adashobora kwigurira ipantalo ntaco aba amaze’, Evariste Ndayishimiye

0

Mw’ijambo ririko rivugisha abatari bake ku mbuga ngurukana bumenyi, umukuru w’igihugu wa reta mvyeyi na reta nkozi, Evariste Ndayishimiye yayiciye umurya mu kuvuga ko ‘Umwana w’imyaka 18 adashobora kwigurira ipantalo ntaco aba amaze’.

“Uri umwana w’imyaka 18 ntiwigurire ipantaro ntaco uba umaze.”, ivyo vyashikirijwe n’Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye aho ahanura Urwaruka gukura ruzi iyo ruroye.

Abatari bake bakabona ko iyo mvuga ica intege abana bakiri bato ubona ko ubuzi kuboneka mu gihugu c’Uburundi ari igihamana.

Umukuru w’igihugu arahanura abakiri bato bariko barondera gutera imbere kwiyumvira ivya kazoza aho ‘gutwarwa na WhatsApp’.

Ndaysihimiye ca yibaza iyo abakiri bato bavuze ko batagira imitahe yo gukora imigambi bokura amahera hama agaca abaza kandi iyo abo bakiri bato bakura amahera yo kugura ‘amatelefone ya WhatsApp’.

Mwe muremeranya n’iyo mvugo ya Ndayishimiye Evariste, umukuru w’igihugu cashize imbere reta mvyeyi na reta nkozi?