Friday, August 19, 2022
HomeNewsUmwana wa RWAGASORE yashinzwe amabanga y'uguserukira Uburundi

Umwana wa RWAGASORE yashinzwe amabanga y’uguserukira Uburundi

Marie Claire BURIKUKIYE, umwana w’umuganwa Rudoviko RWAGASORE ari mu bemejwe kuri uwu wa kane n’inama nshingamateka y’Uburundi, kugira baserukire Uburundi mu nama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko.

Muri abo bashingamateka icenda bemejwe, harimwo na Leontine NZEYIMANA yari ari umushikiranganji ajejwe iyinjira ry’Uburundi mu muryango wa Afrika y’Ubuseruko, ariko akaba yaheruka gukurwa muri ayo mabanga kw’itegeko ry’umukuru w’igihugu.

Abagiye guserukira Uburundi muri EALA (East Africa Legislative Assembly) bakomoka mu migambwe ikurikira :

CNDD FDD ni batanu : Muhirwa Jean Mairie, Burikukiye Victore, Karerwa Momamo, Leontine NZEYIMANA, Rurakamvye Pierre Claver

ABIGENGA MIZERO Y’ABARUNDI ni babiri : Nsavyimana Sophie, Nduwayo Christophe

UPRONA ni umwe : Burikukiye Marie Claire, umwana w’umuganwa Rudoviko RWAGASORE

Uwaserukiye ubwoko bw’abatwa : Ahingejeje Alfred

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments