Umwana wa Petero Karaveri Mbonimpa yagandaguwe

0

Welly Nzitonda, umuhungu wa Petero Karaveri Mbonimpa umukuru w’ishirahamwe APRODH yagandaguwe ku muhingamo wo kuri uwu wa gatanu. Ikiziga ciwe catowe ku Mutakura kw’ibarabara rya 12.

choix

Imbere y’uko agandagurwa, uwo muhungu wa Petero Karaveri Mbonimpa yari yafashwe n’igiporisi nk’igihe c’isaha zitanu z’agatondo, aca ajanwa mu kibanza kitigeze kimenyekana.

Ku muhingamo wo kuri uwu wa gatanu niho umuryango wa Welly Nzitonda, umuhungu wa Petero Karaveri Mbonimpa wamenya ko yagandaguwe arashwe mu mutwe.
Mukuruwe, intwazangabo mu gisirikare c’Uburundi, akaba ariwe yagiye gutora ikiziga ciwe cari ku Mutakura kw’ibarabara rya 12.

Welly Nzitonda agandaguwe hasigaye iminsi itatu gusa kugira Pascal NSHIMIRIMANA, umukwe wa Petero Karaveri MBONIMPA umukuru w’ishirahamwe APRODH akwize ukwezi kumwe nawe nyene agandaguwe n’abantu bataramenyenkana, bamurashe mu gatondo ko kuwa gatanu igenekerezo rya 9 Gitugutu 2015, mu gihe yari mu muduga imbere y’urugo rwiwe, avuye ku kazi.