Umuziki kwa MASTERLAND n’akazi

0

Umuririmvyi w’umurundi Masterland aguma akora kandi cane ngo ntarota ahagarika gukora kuko ngo kuri we umuziki niwo utuma abaho,niwo utuma afungura,yambara,ariha inzu, yibeshaho mu buzima bwiwe.
m
Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru canyu ubmnews.com,Masterland akaba yatumenyesheje ko ariko arakora,yanatumenyesheje ko kandi aherutse gukora ibiteramo mu ntara ya Ngozi na Gitega eka ndetse akaba yatumenyesheje ko aherutse gukora indirimbo nshasha vuba zigiye kuja ahabona

Twobamenyesha kandi ko muri Studio kwa MASTERLAND ikibazo c’umuyagankuba cakemutse kuko amatara atigera acika.