Umuzigo munini uravuye ku barundi kuba Musenyeri Serapiyo Bambonanire akuwe mu mabanga yiwe

0

Kuri bamwe n’umuzigo utagira uko ungana uvuye ku mitwe yabo, abandi nabo bamubona nk’umwicanyi hamwe n’umurwi yahora arongoye. Uwo nawe s’uyundi ni Musenyeri Serapiyo Bambonanire  ku musi wa gatandatu yakuwe muri ayo amabanga yo kurongora uwo murwi.

serapion-0ac29
Musenyeri Serapiyo Bambonanire yakuwe ku butware bwa CNTB

Uwasubiriye Musenyeri Serapiyo Bambonanire akaba ari Tharcisse Nkunzimana yarasanzwe ari icegera ciwe. Tharcisse Nkunzimana akaba yagenywe n’itegeko ry’Umukuru w’Igihugu c’Uburundi numero 100/99 ryo kuri uyu wa 18 ndamukiza .

Mwibuke ko yiyamirijwe n’abashingamateka batowe mu ntara ya Makamba hamwe na Buramatari wo muri iyo ntara bamwagiriza ko umutekano ushobora guhungabana kubera we.