Umuyobozi w’ibohero rikuru rya Rutana arapfunzwe

0

Jonas NIMBONA, umuyobozi w’ibohero rikuru rya Rutana arapfunzwe kuva kuri uwu wa mbere. Yafashwe hamwe n’uwundi muporisi azwi kw’izina rya Egide NZEYIMANA. Bompi bagirizwa ivyabaye muri iryo bohero mu mpera z’indwi twaraye dusozereye.

Muri iryo bohero rikuru rya Rutana, ku munsi wa kane, abapfungwa babiri batorotse ibohero mu buryo butangaje. Charles NZEYIMANA yahora ari umukuru w’umugambwe MSD wa Alexis SINDUHIJE mu gisagara ca Bujumbura yatorotse mu gihe yari yajanye n’abaporisi kwivuza ku bitaro bikuru vya Rutana.

Uwo yahora ari indongozi muri MSD yatorotse ari kumwe n’uwundi mupfungwa, bompi bakaba bari bapfunzwe bagirizwa ko bari mu mirwi yitwaje ibirwanisho irwanya ubutegetsi bw’Uburundi.

Uwo muyobozi w’iryo bohero rikuru rya Rutana akaba yafashwe ku mvo z’amatohoza kuri iryo toroka ry’abo bapfungwa.