Umuyobozi w’ibohero rikuru rya Mpimba apfungiwe mu gasho k’igendereza

0

Grégoire Nimpagaritse, umuyobozi w’ibohero rikuru rya Mpimba apfungiwe mu gasho k’igendereza, kuva ku muhingamo wo kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 6 Myandagaro 2016.

Amakuru dukura mw’ibohero rikuru rya Mpimba avuga ko Grégoire Nimpagaritse, umuyobozi w’ibohero rikuru rya Mpimba yahaye uruhusha rw’ukuja kwivuza hanze y’ibohero ku munyororo wo muri iryo bohero rya Mpimba, uwo nawe agaca atoroka ntiyagaruka mw’ibohero.

pris

Tubandanya kubakurikiranira ibijanye n’iyo nkuru. Mu makuru yacu yo hanyuma, tubaka tuza kubabwira uwo munyororo yatorotse ibohero uwariwe.