Umuyobozi wa Kaminuza y’Uburundi yatanze ikiringo ntarengwa

0

Gaspard BANYANKIMBONA, umuyobozi wa Kaminuza y’Uburundi yamenyesheje gushika kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 24 Ndamukiza 2017, umunyeshure atazoba arasubira kw’ishure mu bahagaritse ivyigwa, azoba atakaje umwaka wose w’ishure.

Abaserukira abo banyeshure bamenyesha ku ruhande rwabo ko hataragera ko basubira kw’ishure, kuko ivyo basavye bitarakorwa. Abo banyeshure bandikiye umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA bamusaba ko yohagarika ingingo isubiramwo ingene abanyeshure ba Kaminuza bahabwa agafashanyo (Bourse) bahora baronswa, ubu bakaba bagiye kuza baragahabwa nk’ingurane bazoriha bahejeje amashure.

Abo banyeshure bamenyesha kandi batarota basubira kw’ishure mu gihe bagenzi babo batanu bari mu baserukira abandi bagipfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba bagirizwa ko aribo bateguye iryo hagarikwa ry’ivyigwa muri Kaminuza y’Uburundi.

Nk’uko bamwe mu baserukira abandi banyeshure babivuga, bazosubira kw’ishure ari uko ivyo basavye vyakozwe, na bagenzi babo bafatiwe ibihano vy’ukwirukanwa kw’ishure bagarukanwe.

Ku rundi ruhande, abaserukira abanyeshure bo kw’ishure nderabigisha ENS nabo nyene bari bahagaritse ivyigwa, baheruka guhamagarira bagenzi babo kugaruka kw’ishure nk’uko babisabwe na Reta, ivyo basaba vyose babikore bari ku mirimo.