Mbega umuvyeyi w”incungu ya Democracy ntaba akwiye guhabwa agateka kamukwiriye? Mu gihugu cacu uje ukavuga incungu ya Democracy canke nyakwigendera Ndadaye MELCHIOR ntanumwe atomumenya ,mbega ko yitavye iyamuremye ariko umuvyeyi wiwe akaba akihari ubwo yoba yitaweho nkumuvyeyi yibarutse incungu yu Burundi ?
Uwo mubona ngaho kw”ifoto hasi ni umuvyeyi w”incungu ya democracy ariwe NDADAYE MELCHIOR, nkuko mushobora kubibona kwifoto biraboneka ko bisa nkaho yibagiwe ,yibagigwa kandi yari umuntu yategerezwa guhabwa agaciro gakomeye nkumuvyeyi na cane cane ko yahekuwe uwiwe ataco azira.
Uyu muvyeyi ikintu amaze gukoregwa twovuga gihambaye ninzu yaronkejwe n”umukuru w’igihugu m’umwaka wi 2006 aho yashoboye kumwubakira inzu akamukura muyo yari asanzwe abamwo kuko yarisanzwe imaze gusaza cane gose bimwe biboneka,umuntu rero akibaza mbega vyari kurinda gushika muri 2006 atararonka uwumugarukira ngo amufashe ,amuhe agateka akwiriye nkumuvyeyi w “incungu ya democracy ?
Iyi niyo nzu uyu muvyeyi yabamwo gushika mu 2006 akaba arinayo NDADAYE yavukiyemwo.
Muri 2006 niho yaroswa inzu n’umukuru w”igihugu ( Petero Nkurunziza )
Iyi niyo foto yiwe yiki gihe ( 2015 )
Recent Comments