Umushikiranganji Bizimana Damascene wa leta y’Urwanda uyu mugabo kiretse ko ari mu banyarwanda bemanga ko afise urwanko Ku bwoko bw’abahutu, uyu yavutse Ku mugabo twokwita umushingantahe aha mu Burundi,ico gihe Hari muri 1962. Bivanye ni ngorane zabaye mu Rwanda abatutsi barahunze guhera za1959 ,Hari Buramatari canke burugumestre w’umuhutu yitwa Bizimana François Xavier muri Gikongoro . Ise w’uyu mushiranganji ariwe yitwa Gakara Xavier , mugishimira uwo Buramatari yabahaye indaro mbere afatasha umuhungu wiwe kwiga amashule, yaciye amwita izina rya Bizimana rya Buramatari.

Uyu mushiranganji mu Rwanda abamuvuga benshi bamwagiriza ko ari umuhutu kubera yabaye mu bahutukazi canke yakuriye mu bahu. Nawe mukwigovyora yerekane abahutu ko ari babi abamwagiriza ko yanonkejwe n’umuhutukazi,ararahira akarengwa ko atabere ry’umuhutukazi ryomugera kumunwa. Ahamagarira abanyarwanda gushimira Inkotanyi mu kibanza c’Imana ko ngo Si Imana yahagaritse Jenoside ahubwo ni Inkotanyi.
Mbayahaga nawe arababazwa cane n’uyu mugabo w’umushikiranganji n’Urwanda, atuka abahutu ahubwo akavuga ko umugore w’uyo mushiranganji ari umuhutukazi. Mbere mbayahaga akavuga ko niyaba atonkejwe n’umuhutukazi ahubwo yoba yonswa na mukiwe.
Biruko aho abantu benshi mu Rwanda bitwa ko atabwoko buhari ariko Hari uwemererwa gurtyoza ari mu nzego akartyoza abwoko bwa bahutu ariko agashimagiza ubundi bw’abatutsi. Ninaho atawobesha ubwoko buriho ko n’uyu mugabo aremanga ko nk’umuhutu yohirahira akavuga ko habaye ubwicanyi ku bahutu yogira ingorane.
None ubu Mbayahaga ni umututsi avyemanga Damascène ni umututsi avyemanga, umwe ati abahutu si ingorane uwundi ati abahutu ni ngorane. Aha niho duhera tuvuga ko Urwanda rwubakiye Ku binyoma umunsi umwe bizogera aho bibarwana mu mazi.





Recent Comments