Umuti w’ibibazo vy’abarundi ngo s’ukwica abo badasangiye ivyiyumviro

0

Domitien Ndayizeye amenyesha ko Inzira yotuma abarundi batorera umuti ibibazo bafise atari ukwica abo batavuga rumwe ahubwo ko ari ibiganiro.

01154875_400

Domitien ndayizeye aratera ivyatsi ubwicanyi bugize igihe bukorwa ahereye kubwahitanye nyakwigendera Lt. Gn. Adolphe Nshimirimana yahoze atwara ibiro bikuru vy’iperereza y’Uburundi mu kiringo c’imyaka yababa icenda.

Domitien Ndayizeye yongeyeko kandi kwamirira kure ivyakorewe Mutama Mbonimpa Pierre Claver, akaba yaciye aboneraho n’akaryo ko guhamagarira aberwa n’ikibazo c’uburundi Bose gusubira kwicara ngo baganire.

Uwo yahoze atwara igihugu akaba kandi n’umukenguzamateka yamenyesheje ko kwica abo mutavuga rumwe atari inzira yo gutorera umuti ibibazo biri mu gihugu c’uburundi.

Pr. Domitien Ndayizeye twobibutsa ko ari mu gitigiri c’abanyepolitique bari muri rwa runani rwishinse gusubiza agateka Uburundi rwashingirwa muri Ethiopie muri Addis Abbeba.