Juvent Nduwimana yari yaravuzwe n’umuntu wa mbere yatangura kwiyemerera ko ari mu bagandaguye baba bakira batatu b’abataliyanokazi bo muri Paruwasi Guido Maria Conforti mu kamenge nawe yamaze kwemera ko ivyo bavuga ko yarimwo ngo nivyo.
Mu kiganiro yahaye insamirizi y’abanyagihugu yamenyesheje ko inyuma yaho asubirijwe mu buzima busanzwe yaciye aba muri bamwe basanzwe bakoreshwa mu bwicanyi butandukanye we yita akazi. Yabandanije amenyesha ko mu nama ya mber y’itegurwa y’iryo gandagurwa hari igenekerezo rya 6 Nyakanga 2014 mu bunywero bita iwabo n’abasigaye aho hari Ayubu, Kazungu, Guillaume, Adoplhe, hamwe na Claudia Marano naho atahamaze umwanya munini. Muri iyo nama Juvent na Mwalabu ntibari barimwo ahubwo iheze niho bamenyeshwa ko bagiye kugandagura abo babikira batatu Lucia, Olga na Bernadetta.
Mwomenya ko amakuru dukesha urwo ruganda rw’itororokanirizo ry’amakuru RPA aruko uwo nyene yarungitswe muri Somalie muri bamwe baja kugarukana amahoro. akaba yarangije amenyesha ko ndakugarika hamwe na Adolphe ari bamwe mu bakunda kumwikorako iyo hageze gukora amaraso we yitwa Missions.
Recent Comments