Umutekano – Nta bahinga bakenewe mu gukura ibirwanisho mu banyagihugu

0

Icegera c’umuvugizi w’umushikiranganji w’umutekano Pierre Nkurikiye, yabwiye ikinyamakuru Igihe ko ata n’agacu k’ikiroberi kizotera uburundi gihari. Akaba yabivuze mw’itangazo ry’umutekano yasomye.

Muri iryo tangazo uwo mushikiranganji yanagarutse kandi ku kibazo kijanye n’ugukura ibirwanisho mu banyagihugu aho yamenyesheje ko bitari ngombwa ngo inteko mpuzamakungu zize,ahubwo ngo botanga uburyo bwo gukora ico gikorwa kuko bisunze ubumenyi bafise ngo nta bahinga bakenewe.

Muri iryo tangazo ubwo bushikiranganji buremesha abarundi ko umutekano ari wose ko mbere abarundi basubiye ku mirimo ya misi yose.