Umutekano Muri Maison Blanche Waraye Uhatswe Guhungabana!

0

Nkuko American Broadcasting Company( ABC News) yabitangaje uyu musi wa gatandatu itariki 11/03/2017, umuntu ‘atazwi’ yasimvye uruhome rwinyubakwa Umukuru w’igihugu wa Leta Zunze Ubumwe Za Amerika, Donald Trump, akoreramwo (Maison Blanche) ejo ku wa gatanu ku mugoroba.

Uyo muntu ‘atazwi’ yasimvye uruzitiro rwiyo nyubakwa isaha cumi n’imwe niminota mirongo itatu n’umunani ejo kumugoroba, nkuko Igendereza rya Amerika ryabimenyesheje uyu musi, akaba yaciye ahagarikwa.

Inyubakwa Maison Blanche

Uyo muntu atazwi yari afise isakoshi yo mu mugongo yaciye ahagaritswe n’ibiro vy’igendereza, abaciye banasaka iyo sakoshi yiwe yo mumugongo.

Ariko iyo sakosjhi yagaragaye ko ata kintu conona yari irimwo, nkuko Igendereza rya amerika ribandanya ribimenyesha.

Umukuru w’igihugu Donald Trump, uwutari afise ivyo akora ejo kuwa gatanu ku mugoroba yari ari indani muri iyo nyubakwa ya Maison Blanche.