Juvent Nduwimana umwe yiyemerera ko ari mu bakoreshejwe muri bwa bwicanyi bwa ba bakiri b’ababatariyanokazi batatu, ku musi wa gatanu yarashitse i Burundi akaba yashitse yakirwa n’ibiro bijejwe iperereza mu gihe abavurwa muri ubwo bwicanyi harimwo bamwe mu batwara urwo rwego, bigatera amakenga abaharanira agateka ka zinamuntu.
Inyuma yaho Juvent Nduwimana yemereye ko ari mu bagandaguye ba babikira batatu b’abatariyano kazi babasanze aho basanzwe baba, hahavuye hamenyeshwa ko hari umugambi wo kumugarukana i Bujumbura bamukuye muri Somalie iyo yarari muri AMISOM kugarukana amahoro. Uwo mugambi bikaba vyarashikirijwe n’ibinyamakuru bitandukanye aha i Bujumbura ko ushobora kuba ugamije kumugandagura anyurujwe kugira ukuri ntikuje ahabona.

Ku musi wa gatanu Petero Karaveri Mbonimpa, umukuru w’ishirahamwe APRODH riharanira agateka ka zina muntu n’ak’abapfunzwe, yaramenyesheje kw’iradio RPA ko amakenga ari menshi kw’iyakirwa rya Juvent kuko abamwakiriye bashobora gutuma ahindura ivyo yari yarashikirije kuri ubwo bwicanyi. Ariko Mutama Petero Karaveri akamenyesha ko ivyo naho vyokorwa ubutungane buzomenya uko buvyifatamwo kubera atazoba abaye uwa mbere avuze ibihushanye n’ivyambere mu gihe aba yabivuze ata wumuri kugakanu.
Juvent Nduwimana akaba abaye uwa kabiri yiyemereye ubwo bwicanyi inyuma y’umu police yitwa Mwalabu nawe yari yabivuze. Juvent akaba ari umwe mu bakoreshwa mu bwicanyi butandukanye we yita Mission nkuko yavyiyemereye.
Recent Comments