Umutekano – Bamwe mu Bafashwe mu myiyerekano barungitswe gufungirwa I Muramvya

0

65 muri 105 nibo barungitswe mw’ibohero rikuru rya Muramvya bakaba bari bafatiwe muri ya myiyerekano yaba ku musi wa gatanu yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’Umukuru w’Igihugu Petero Nkurunziza.

Kubwa Petero Karaveri mbonimpa arongoye ishirahamwe APRODH biratangaje ko hapfungwa abantu bato bato bari mu myiyerekano kandi abayihamagawe bararekuwe bakigira, ngo ivyo bisa n’ugufata udufi duto duto twari ku mugongo wa binini binini, ariko ivyo bikuru bikaguma bidora. Ivyo yabishikirije mu gihe abari muri ya myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza bari bahejeje kwumviriza bamwe bakabarekurwa abandi bakabandanya bari mu minwe y’igipolice.

Abari baje gushigikira abari bafashwe nabo bari bitwaje ivyandiko vyanditseko vyiyamiriza ikiringo ca gatatu c'Umukuru w'Igihugu
Abari baje gushigikira abari bafashwe nabo bari bitwaje ivyandiko vyanditseko vyiyamiriza ikiringo ca gatatu c’Umukuru w’Igihugu

Mubashika 106 bari bafashwe, 65 nibo barungitswe kuri uno musi wa mungu igenekerezo rya 19 ndamukiza mw’ibohero rikuru rya Muramvya gufungirwayo, abandi nabo bararekurwa basubizwa imiryango yabo. Naho ivyo vyabaye uko abari ngaho bamenyesha ko badahema bareka kwiyamamaza kandi bikanashimangirwa na bamwe mu barongoye imigambwe yari yatumyeko iyo myiyerekano ko buca iyindi iba.

Mwomenya ko ku musi wa mbere igenekerezo rya 20 ndamukiza ata kabuza imyiyerekano izoba nkuko bishikirizwa n’abayiteguye.