Umusore avuka mu Cankuzo yatowe ikiziga i Bujumbura

0

Ikiziga c’umusore yitwa NZEYIMANA Gerase catowe muri zone Nyakabiga, kw’ibarabara benshi bakunze kwita « Avenue de la mort », hafi ya Kaminuza y’Uburundi.

Ikiziga c’uwo musore w’imyaka 31 cabonetse kiryamye munsi y’ibarabara. Ku biranga uwo musore, bamusanzemwo uruhusha rw’ukugendesha umuduga rwa kera, hamwe n’ikarata karangamuntu yiwe.

Kuri ivyo bimuranga, biboneka ko yavuka mu ntara ya Cankuzo, muri komine Gisagara. Nk’uko biboneka muri ico kiziga catowe mu gatondo ko kuri uwu wa mbere, nk’igihe c’isaha cumi na zibiri z’agatondo, vyaboneka ko yishwe akubiswe icuma mu musaya w’i buryo.

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko amatohoza yatanguye.

Umuhisi NZEYIMANA Gerase yahora aba muri zone ya Rohero, mu gisagara ca Bujumbura.