Ababuranira Petero Karaveri Mbonimpa bavuga ko bafise umwizero ko uwo mutama buca ahabwa umwidegemvyo w’agateganyo, baravye uko baburanye bahuza n’uwaserukira Reta muri urwo rubanza.
Umushingwamanza Antoine Nzobandora
Umushingwamanza Antoine Nzobandora asanzwe aburanira umukuru w’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu n’akabanyororo APRODH akaba yerekanye uko abaganga basanze amagara y’iyo mboneza mu guharanira agateka ka zina muntu yifashe. Nzobandora akaba yamenyesheje ko umutima wa Mbonimpa usigaye utera nabi, amafyigo yiwe yifashe nabi, ndetse yahavuye aharwarira n’izindi ndwara, ibishobora no guhitana Mbonimpa, ari naco gituma yavuga ko akwiye kwidegemvya ivy’agateganyo, ubutungane bumukeneye, bukamutumako ariko ava iwe.
Uwaserukiye Reta muri urwo rubanza ariwe umukuru wa sentare nkuru ikukira igisagara ca Bujumbura Archade Nimubona, akaba nawe nyene yemeje ko Mbonimpa arwaye aravye ivyanditswe n’umurwi w’abaganga, mbere hari n’izindi ngwara basanze arwaye, zitari muzari zavuzwe, ariko nakwo gusaba ko ubutungane bwomurekura, ariko bukamukurikiranira hagufi.
Muri urwo rubanza rwari rwitabwe n’abantu isinzi barimwo bamwe mu baserukira ibihugu vyabo mu Burundi, abari mu mashirahamwe yo mu Burundi na mpuzamakungu, bakaba batashe bose bakoma amashi, abandi n’abo barwana mu nda, mu kwerekana ko umwizero bafise ko Mbonimpa buca yidegemvya inyuma y’amazi ane apfunzwe. Ingingo izofatwa n’ubutungane ikaba izomenyekana kuri uwu wa mbere, kuko sentare yashize mu mwiherero ibisabwa ko Petero Karaveri Mbonimpa yorekurwa vy’agateganyo.
Sources : Igihe Burundi
Recent Comments