Umusi ugira 4 wimyiyerekano, abiyamiriza ikiringo ca 3 c’umukuru w’igihugu baguma biyongera ” Raba hano

0

Uyu munsi ugira 4 kuva aho imyiyerekano itanguriye yo kwiyamiriza ikiringo kidaciye mumategeko ca Petero Nkurunziza, Leta y’Uburundi kugeza ubu nkuko amakuru yizewe ariko aradushikira hano kuri UBM News avuga ko imihora ya Telephone, nka ( Whatsaap, Viber hamwe na Tango ) ko boba bayugaye mu burundi bityo ikaba itariko irakora neza.

imyiyerekan

Kugeza ubu abiyamiriza ikiringo c’umukuru w’igihugu baguma biyongera aho usanga abenshi bari mumabarabara i Bujumbura ikindi naco cibonekeje uyu munsi nuko abo usanga bari mumyiyerekano bagenda bamanitse amaboko berekana ko atabirwanisho bitwaje.

protest

UBM News tubibutse ko abatari bake babandanya basemerera ko umukuru w’igihugu atohirahira ngo yitoze, ikindi naco nuko na Leta zunze ubumwe za America yababajwe n’ingingo ya CNDD-FDD yo guha uburenganzira Petero Nkurunziza kugira ngwaze ayiserukire murano matora y’2015, Kubera iyo ngingo ya CNDD-FDD nkuko vyatangajwe mw’itangazo ryasohowe n’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika, ng’uburundi bwatakaje akaryo gakomeye cane m’ugukomeza Demokrasi ariko nubwo biruko ngo America izobandanya ishigikira umugambi w’Abarundi w’ugukwirikirana ubwigenge hamwe n’uburenganzira bwabo bwa demokrasi biciye munzira y’amahoro.

burundi-prote

burundi-protest