Umushikiranganji mushasha w’ibidukikije yarahiye

0

Umushikiranganji mushasha w’amazi,ibidukikije,.amatongo no gutunganya ibisagara Céléstin NDAYIZEYE yarahiye kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 24 Nzero imbere y’umukuru w’igihugu,abashingamateka n’abakenguzamateka b’Uburundi.

Ibirori vyo kurahira vy’umushikiranganji mushasha Céléstin NDAYIZEYE vyabereye mu ngoro y’amakoraniro y’abashingamateka,hari umukuru w’igihugu,abashingamateka n’abakenguzamateka hamwe n’abaserukira ibihugu vyabo.

Céléstin NDAYIZEYE aje gusubirira Emmanuel NIYONKURU yagandaguwe mw’ijoro ry’igenekerezo rya mbere Nzero 2017,imuhira iwe.

Umushikiranganji Céléstin NDAYIZEYE ni umututsi wo mu mugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi. Yahora ari umukenguzamateka yatowe mu ntara ya Muramvya.