Umurwizatunga yanyurujwe mu buryo budatahuritse

0

Umurwizatunga Oscar NTASANO asanzwe ariwe nyene ihoteri « Nonara Beach » iri mu gisagara ca Bujumbura yanyurujwe n’abantu bataramenyekana. Imodoka yiwe yatowe muri komine Gashoho, intara ya Muyinga, ikaba ariko yari yagize isanganya iyo modoka.

Mu giporisi bavuga ko uwariko yunguruza iyo modoka, azwi kw’izina rya Bitangimana Lambert yaguye muri iryo sanganya, uwo nyene akaba ariwe yagirizwa inyuruzwa rya Oscar NTASANO hamwe n’abakozi biwe babiri, nk’uko umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi yabishikirije.

Mu giporisi bavuga ko amatohoza yatanguye kugira bamenye irengero ry’abo bantu banyurujwe.

Ubugizi bwa nabi bugizwe n’ukunyuruza abantu bubandanya kwibonekeza kuva muri aya mezi ya mbere y’umwaka w’2017. Abaheruka kunyuruzwa vuba akaba aria bantu batatu bari mu modoka yunguruza abantu bari ivuye mu gisagara ca Bujumbura, itegerwa n’abantu bitwaje ibirwanisho igeze mu Gatumba.

Muri abo batatu banyurujwe, harimwo umukozi w’Imana, Patiri Adolphe NTAHONDEREYE.