Umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro wahawe amezi atandatu

0

Umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro bizohuza abarundi (CNDI : Commission Nationale de Dialogue Interburundais) watanguye icese ibikorwa vyawo kuri uwu wa gatanu. Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yabasavye kuzokora bubahiriza amategeko y’igihugu.

Abagize umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro bizohuza abarundi barahiye imbere y’umukuru w’igihugu uko ari cumi na batanu, Petero NKURUNZIZA akaba yabibukije ko bazokora ku bibazo vya poritike, imibano, ubutunzi, hamwe n’ugutsimbataza amahoro. Basabwe kuzokwubahiriza amasezerano y’uguhagarika intambara, amasezerano y’i Arusha, ibwirizwa shingiro, hamwe n’amasezerano y’ubumwe bw’abarundi. Basabwe kandi kuzoshira imbere ugukungisha igihugu abarundi.

pe#

Uwo murwi wahawe ikiringo c’amezi atandatu, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA akavuga ko ico kiringo kizoshobora kwongerwa mu gihe vyoba nkenerwa. Ukwo amezi atatu aheze, uwo murwi uzokwama ushikiriza icegeranyo umukuru w’igihugu, inama nshingamateka na nkenguzamateka nazo zikazorungikrwa nazo nyene urwandiko rw’ico cegeranyo.

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA akaba yasubiriye kwibutsa ko ibiganiro bizotegurwa n’uwo murwi bitazobera intambamyi uguhana ivyaha hamwe n’igikorwa c’ubutungane c’ugukurikirana abafise ivyo bagirizwa.

Uwo murwi w’igihugu ujejwe ibiganiro bizohuza abarundi ugizwe n’abantu cumi na batanu, abagabo cumi hamwe n’abagore batanu.

Umukuru w’uwo murwi ni Musenyeri Justin NZOYISABA
Icegera : François NKEZABAHIZI
Umunyamabanga : Imelde SABUSHIMIKE

Abandi bagize umurwi ni : Félicien NDUWUBURUNDI (yahora ari umukuru w’abashingamateka ba CNDD FDD), Gérard NDUWAYO, Patiri Pascal NIYONKURU, Jacques Ya’coub NAHAYO, Ir Déograsias NAHUMUREMYI, Anitha Zamda IRAKOZE, Jeanne NDIMUBANDI, Eric NIRAGIRA, Aimable BARANDAGIYE, Colonel Rémy SINKAZI, OPC1 Carine Jeannette NZEYIMANA hamwe na Chantal GIRUKWISHAKA.