Umurwi Masoja Yero Yero washikirije ubutumwa budasanzwe ku bakunzi ba Buja Fleva

0

Umurwi Masoja Yero Yero benshi bazi mu ndirimbo bakoranye n’ igihangange Big Fizzo, iyo ndirimbo ikaba yitwa DEMU MKALI yakunzwe n’ abatari bake. Ikaba yarakorewe isanamu na TECHONOLOGY FILMS.

Umurwi wa Masojja Yero Yero ukaba unaheruka gutanguza uwundi murwi mushasha uzobamwo abaririrmvyi bashasha uzwi kw’ izina rya CALABASSE BOY, kumbure bakamenyesha y’ uko, ku rwaruka rusanzwe rukora umuziki ndundi kandi rushoboye, barahawe ikaze muri uwo murwi nkuko umwe muri abo baririmvyi ba MASOJA azwi kw’ izina rya IKEN SNIPER yabitumenyesheje.

11138119_479476882203966_6336432693449637152_n

Umurwi Masojja Yero Yero ngo naho umuziki ataco ubinjiriza ngo bazowurwa inyuma nkuko babitubwiye. MASOJJA YERO YERO bakaba bagize bati : “Music ndagukunda kandi nzogukunda tjrs ego ndaziko iwacu mu Burundi ataco turonka muri wewe Music..ndakwitaho cane muri Studio ndiha 80.000fr kuri Audio,hama kuri Video nkariha 200.000fr mugabo nguma ndakwirukako ataco ndonka,Music ntacumpa ariko Ndagukunda kandi nzoguma nkukunda kuko God yampaye Ingabirano inkwiye..urakoze Mana yanje yo mwijuru nguma mfite icizere ko nzoshika ndonke kandi mbeho kubwumuziki..mfasha Mana kungabirano wampaye inshikane hose..Amen”

11168077_478036299014691_6665317974640160285_n