Umurwi CVR umenyesha ko umaze kwakira ibirego 472 mu gisagara ca Bujumbura

0

Umurwi ujejwe kumenya ukuri no kurekuriranira CVR umenyesha ko ugiye gushinga abakira ibirego mu ntara zitandukanye z’igihugu, mu ntumbero yo kworosha igikorwa uwo murwi watanguje mu gisagara ca Bujumbura.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa kane igenekerezo rya 23 Ruhuhuma,umwaka wa 2017, Musenyeri Jean Louis NAHIMANA arongoye umurwi CVR yavuze ko mu gisagara ca Bujumbura gusa ,umurwi umaze kwakira ibirego 472.

Jean Louis NAHIMANA arongoye CVR yavuze ko mu gisagara ca Bujumbura, igikorwa co kwakira ibirego cakozwe n’abakomiseri b’umurwi, ariko ko ko mu zindi ntara ico gikorwa kizokorwa n’abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike hamwe n’abajejwe intwaro, kandi bazokora bitanga kuko ata gahembo.

Umukuru w’umurwi CVR musenyeri Jean Louis NAHIMANA yavuze ko umurwi arongoye ugifise ikibazo c’uburyo, kuko ku mafaranga arenga gato imiliyoni 30 bakeneye atashoboye kuboneka.