Umurwi CVR mu rugo kwa Président Micombero

0

President Micombero Michel  akaba ariwe yatwara igihugu mu gwimo rwabaye mu kwezi kwa ndamukiza 1972. Ico gihe haciye hagandagurwa Umwami wa nyuma w’Uburundi, Charles Ndizeye Ntare wa VI haca hakurikira ubwicanyi bwarondera abo mu bwoko bw’abahutu bize canke babadandaza.

Imbere yubwo bwicanyi hari habaye igitero c’abantu bitwaje ibirwanisho mu ntara ya Rumonge bavuga ko baje gutembagaza ubutegetsi bwa Micombero no guhonya abatutsi. Kuva ico ico gihe ubwicanyi bwaciye bukwira Uburundi bwose kandi vyari guherera mu Rumonge, kuburyo benshi bavuga ko habaye ihonyabwoko mu mwaka wa 1972 naho ishirahamwe mpuzamakungu ONU ritaravyemeza.

Umurwi CVR ujejwe kumenya ukuri ku bwicanyi bwabaye mu Burundi ukaba ubandanya urondera ibinogo vyatawemwo abantu eka mbere n’Umwami Karori Ndizeye ntaratorwa iyo yatawe.