Umuririmvyikazi w’ Umurundi akomeje yandikwa mu binyamakuru vyo mu Buganda mu buryo budasanzwe

0

Asanzwe ari umuririmvyikazi w’ Umurundikazi yavukiye mu Ntara ya Kayanza akaba yararangirije amashuri yiwe kuri Kaminuza ya Lumiere mu Gisagara ca Bujumbura. Akaba azwi na benshi kw’ izina rya IRY TINA aheruka gukorana indirimbo n’ ibihangange mu muziki w’ Uburundi aribo MATABARO na FRANK G80 yitwa MY EVERYTHING.

11017697_568190206654047_8911740760509721384_n

IRY TINA akaba akomeje yandikwa mu binyamakuru bitandukanye vyo mu gihugu c’ Ubugande ku myambarire yiwe hamwe n’ amashusho ari kugenda ashira ahabona. Nkuko ikinyamakuru EVERY WOMAN kibivuga ngo umuririmvyikazi IRY TINA akomeje gushira amafoto adasanzwe ahabona kumbure agatera ingorane abahinyanyuzi bo mu gihugu ca Ouganda kubwiza buhebuje uyo murundikazi afise.

11692992_727713957355862_1440351547_n

Ikinyamakuru UBM NEWS kikaba kigiye kurondera umuririmvyikazi IRY TINA kugira atuyagire ido n’ ido ry’ ayo makuru. Ivyo tukazobibashikiriza mu makuru yacu yo hanyuma.

RABA NGAHA CLIP VIDEO: EMERGENCY by Iry Tina ft Barby Jay

[youtube id=”ZLtmrvHDLig” align=”center” mode=”normal” autoplay=”no” maxwidth=”640″]