Umuririmvyikazi Natasha yamaze gushika mu gihugu c’ Uburundi

0

Nkuko UBM NEWS yabamenyesheje y’ uko umuririmvyikazi NATASHA yoba amaze iminsi ari mu gihugu c’ Ubutaliyano aho yafashe urwo rugendo hamwe n’ umuryango wiwe mu ntumbero yo gufata akaruhuko.

Uno musi niho uyo muririmvyikazi yashitse mu gihugu ca mwibarutse aho yakiriwe n’ abantu bamuri hafi ku kibuga c’indege mu gisagara ca Bujumbura. Eka bikaba binurwanurwa y’ uko yoba yaje azanye ibintu bishasha muri Buja Fleva, ariko kugeza ubu nta na kimwe yari yadushikiriza kumbure ngo ayo makuru tuyemeze.

11846270_736392549821336_1318367928_n

11854050_736392543154670_1060804336_n