Umuririmvyi N John nyuma yo guhunga igihugu c’ Uburundi, ubuzima bwiwe ntibwifashe neza

0

Nyuma y’iminsi mikeya gusa havuzwe ko ” N John Melodica ” umwe yatsindira isanganiro Award 2014 ahunze igihugu kunvo zumutekano wiwe, UBM News ikinyamakuru mukunda muri benshi twashimiye kurondera uno muririmvyi tumubaza uko bimeze hamwe nivyo ariko arategurira aba fans biwe.

john

Mu kiganiro yakoranye natwe uyumunsi, uno muririmvyi ntiyashimye kuvuga vyinshi kuko yunva ngw’ameze nabi cane ariko ngo uno mwaka azokora ivyo atakoze kuko azi yuko atakazi katagiramwo ingorane.

N John yagize ati : Yego narahunze igihugu ariko muriyimisi ntavyinshi novuga kuko meze nabi cane, gusa jewe iconzi nuko uyu mwaka nzokora nivyo ntakoze kuko nziko akazi katagira ingorane ataho kashitse.

n john
Icibutso yari yarubakiwe ariko kikaba giheruka gusamburwa mu mpera z’umwaka w’2014

UBM News tubibutse ko amakuru yizewe adushikira yemeza ko N John melodica yuko yoba yahunze igihugu c’Uburundi kubera ikibazo ca ca cibutso yubakirwa mu ntara asanzwe akomokamwo ikindi naco twobibutsa nuko ico cibutso nyene yari yarubakiwe giheruka gusamburwa mu mpera z’ukwezi kwa 12, inyuma y’amezi arenga 6 carubatswe.

[youtube id=”VhCErpZRK5Y” align=”center” mode=”normal” autoplay=”no” maxwidth=”640″]