UBM News ads
Monday, October 2, 2023
No menu items!
UBM News ads

Umuririmvyi Mkombozi yongeye gukorerwa ikindi kintu kibabaje cane ” soma ngaha wunve

UBM News ads

Umuririmvyi akunzwe cane ndetse kugeza ubu ariwe ariko aravugwako vyinshi cane mubinyamakuru vyose vy’abarundi ” Nzeyimana Mkombozi ” arababazwa cane n’abamenyeshamakuru biyadukiza gukwiragiza inkuru kandi batazitohoje neza.

Mkombozi

Ivyo rero akaba abivuze nyuma yaho umuririmvyi mugenziwe ” Elly’s Boy ” afatiwe n’abagizi banabi bagahakwa kumwica bibaza ko bafashe Mkombozi, ikintu rero kibabaje cane caje kubabaza uno muririmvyi , ni inkuru umumenyeshamakuru umwe akorera mu bu Burundi ( Ismail Niyonkuru ) yanditse avuga ko uwakubiswe batamuhoye indirimbo ya Nzeyimana ahubwo ko boba bamuhoye umugore w’abandi.

ellys

Mkombozi yagize ati : Ariko aba journaliste biburundi ko politique yo kuvuga ukuri yabanduje?? Umuntu arashobora gukubitwa akaremba tuzi n’impamvu kandi nawe ahari ntuje nokumuraba canke kumubaza ivyamushikiye hanyuma ugaca wandika ko yakubiswe bamuhora umugore wabandi yatwaye, aho bisigura ko uzi uwo mugabo yabikoze bwabundi.Ismail Niyonkuru wa RADIO REMA FM kora neza akazi kawe sha ncuti nimba warakigiye utakigiye ako kazi baza abagukuriye babigufashemwo ncuti.urakuze kandi ntuzorenza aho mugukura hasigaye URUSHINGANTAHE NA MA RESPONSABILITE nivyo bizokwerekana ko uri umuntu akuze ataruko imyaka izoruta ubwenge nubuntu bwawe ntaco uzobe ukivuyemwo.HASTA

[youtube id=”Uw-Eq0QaCDQ” align=”center” mode=”normal” autoplay=”no” maxwidth=”640″]

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments