Umuririmvyi w’umurundi aba hano muri Leta zunze ubumwe za America ariko arakora neza cane mumuziki ” D -Man ” arababazwa n’abantu bashaka kwigira nkuko atari abarundi bityo akaba avuga ko kubona abantu bihakana igihugu cabo ka navyo biri mubituma igihugu kidatera imbere.
Ivyo rero akaba yabivuze mugihe yariko araganira n’umunyamakuru wa UBM News, aho uno muririmvyi D-Man yavuze ko kuba umurundi atari igitutsi ahubwo i muhira ni muhira.
D-Man yagize ati : Ikintangaza cane ni abarundi bigira aba Tanzania ,kuki utavuga igihugu cawe kugira bakimenye ari benshi ugashaka ko igihugu cabandi kibandanye kimenyekana,kuba umurundi si igitutsi,ahubwo I muhira ni I muhira,kuma profile yabo ngo na ba Tanzania.gerageze muhindure,ntaho igihugu cacu cub urundi bazokivuga batakibwiwe,bashize I flag yanje mu mondoka,na ma nahuye nabantu batandukanye Bambaza ko ndi umurundi ,kuko babona akaranga kanje,ndasavye uri umurundi vuga kuri umurundi apana kwihisha.
UBM News twagerageje kubaza uno muririmvyi impanvu yibaza ko benshi bihakana aho bavuye , aho we munyishu yaduhaye yagize ati : Urazi ikibitera nuko ata maendeleo dufise,raba ama movie,I ndirimbo,.stage zobaririmbiramwo,ubushimwe babutangira ahameze nabi hatubatse Neza,rero benshi ntibasha kwigayisha,….washwahili wanasema eti nyumbani ni nyumbani hata hamwe kichocholoni ni nyumbani,rero tworeka kwikereza,tugakunda igihugu cacu cuburundi
Mukurangiza ikiganiro cacu, uno muririmvyi yashimiye UBM News ndetse anasaba ko abariririmvyi bobandanya kuza baramenyekanisha ibikorwa vyabo biciye hano kuko ngo niho abarundi benshi bakunda kuza kuraba ibicaho.
D-Man ubwiwe yagize ati : icambere nshimiye UBM News mukumenyekanisha I ndirimbo zabahanzi kugira bamenyekane,igitumye mvuze yuko imenyekanisha I ndirimbo zabahanzi narevye nsanga iyo ashize I ndirimbo kuri YouTube ugashira no kuri www.ubmnews.com usanga UBM News irusha YouTube incuro 6 zirenga,nohanura abahanzi ko boza bararungika I ndirimbo zabo kugira bazumvirize ari benshi murakoze.
Recent Comments