Umupolisi yakomerekeje bagenziwe 8 abanje kubarasa

0

Umupolisi akorera mu gipolisi kijejwe umutekano wo mw’ibarabara PSR APC Samuel Nduwimana ,yarashe bagenzi we umunani imbere y’uko nawe agerageza kw’irasa.

Umuvugizi w’igipolisi c’Uburundi Pierre NKURIKIYE amenyesha ko,vyabaye mw’ijoro ry kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 1 Ruhuhuma umwaka wa 2017,igihe yari aryamye hamwe n’abandi,hanyuma aca atangura kurasa.

Pierre NKURIKIYE amenyesha ko uwo mui polisi yarashe yari asanzwe afise ibimenyetso ko yba afise ingorane yo mu mutwe.

Amakuru ava aho mu gipolisi kijejwe umutekan wo mw’ibarabara akamenyesha ko bane mu bapolisi umunani barashwe bababaye cane.