Umumenyeshamakuru wa AFP na RFI mu Burundi yasinzikarijwe ubuzima azira urupfu rwa Adolphe Nshimirimana

0

Esdras Ndikumana yarasanzwe yibereye mu kazi kiwe ka buri munsi aho yariko aratororokanya amakuru kugitero cabaye kuruyu wa mungu aho bita kuri gard du nord aho cahitanye uwahoze atwara igendereza mu Burundi  General Adolphe Nshimirimana.

11831349_478177562356559_1408385781_o

Aho yariko afata ayo makuru n’amafoto yagiye abona abakozi bigendereza bamufata bahita bamutwara aho bakorera akaba ata mpamvu nimwe bamuhaye yico boba bamufatiye akavuga gusa ko bamubwiye ko ari umwansi wabo.

Esdras yarekuwe ukuboko bamaze kukuvuna aho yaciye atwarwa kwa muganga kuri Cmck aho gushika ubu ariko aravurigwa.

Akavuga mbere ko boba bamurekuye kumvo zuko yaragwaye umutima (Hyper Tension) kandi ko hariho n’abandi bantu bafatiwe i ruhande yaho vyabereye ngo bari aho nyene mu kigo igendereza ikorera bakaba bariko barabatotezwa.