Umumenyeshamakaru w’urwanda yafatiwe mu Burundi yarekuwe

0

10403218_1068247323203376_8763480177787347774_n

Etienne Besabesa yaraye arekuwe, yakuwe mu minwe y’abarundi ahabwa abanyarwanda. Aho hari Ku musi wa Kane igenekerezo rya 19/06 isaha cumi na zibiri n’igice z’umugoroba.

Mwomenya ko uwo munyamakuru w’ikinyamakuru Izuba akaba kandi n’umu correspondant w’ikinyamakuru Igihe yari yafatiwe I Muyinga mu giteranyi igenekerezo rya 9/6 aho yagirizwa ko yoba ari mw’iperereza ry’urwanda.