UMUMENYEREZA W’UMUGWI NSERUKIRA GIHUGU W’UBURUNDI YATANZE IKIGANIRO KU BANDITSI N’ABAMENYESHAMAKURU

0

Umumenyereza w’umugwi nserukira gihugu w’uburundi INTAMBA MU RUGAMBA ariwe Arsene Ait Abdelmalek yatanze ikiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru kuruyu wa mungu igenekerezo rya 11/10/2015 mu ngangara kuri Centre National Technique.
intamba
Muri ico kiganiro umumenyereza w’umugwi nserukira gihugu akaba yagarutse ku rukino rwahuje umugwi nserukira gihugu w’uburundi INTAMBA MU RUGAMBA na SYCHELLE,urukino rwabereye mu gihugu ca SYCHELLE,urukino rwarangiye umugwi nserukira gihugu w’uburundi utsinze 1-0 umugwi wa SYCHELLES,muri ico kiganiro umumenyereza akaba yamenyesheje ikindi kintu catangaje benshi aho uyo mumenyereza yamenyesheje ko umukinyi NGAMA Emmanuel yirukanwe mu mugwi nserukira gihugu w,uburundi kuko inyifato mbi yerekanye aho yagiye atanga ikiganiro kwi radio atabifitiye uruhusha,uyo mukinyi akaba yaciye yirukanwa akaba atazoboneka ku rukino rwo gusubiriza ruzohuza INTAMBA MU RUGAMBA na SYCHELLES ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 13/10/2015 ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore.
arthur
AIT ABDELMALEK akaba yarangije ico kiganiro asaba abakunzi b’umupira w’amaguru ko bosidukana niyonka gushigikira umugwi nserukira gihugu w’uburundi.