Umumenyereza wa Berco Star arizeza abarundi ko bagiye kuzana igikombe

0

Umumenyereza w’umugwi w’abigeme bakina basket ball berco star ariwe Richard Patrick arizeza abakunzi b’umupira wa basket ball mu burundi ko bagiye mu gihugu ca Angola kuzana igikombe ivyo akaba yaraye abishikirije harya ku kibuga ca park mu gihe bari bagomba bafate indege berekeza i lUanda mu gisagara ca Angola aho uyo mugwi ugiye kwitabira ihiganwa rya Afrika murukino rwa Baskt ball.
Berco21
Richard Patrick ati:turagiye mu gihugu ca angola dufise intumbero imwe gusa,intumbero yo kuzana igikombe ca Afrika kuko nimba twarazanye igikombe ca Memorial gisembe,tukazana ica Zone 5 nico twakuye i bukavu ntacobuza ko tuzana nica Afrika tugiyemwo mu gihugu ca Angola.
BERCO
Tworangiza tubamenyeshako umugwi wa Berco Star wafashe indege ejo kuwa gatatu igenekerezo rya 25/11/2015 igihe c’isaha icenda y’umuhingamo.