Umukuru w’umutumba Rugazi yatewe Gerenade

0

Umukuru w’umutumba Rugazi mu ntara ya Bubanza yatewe gerenade mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere n’abantu bataramenyekana bamusanze ku rugo iwe. Uwo ari mu barongoye abandi yakomerekejwe n’iyo gerenade, nk’uko bivugwa n’abajejwe intwaro muri iyo ntara.

Muri iyo ntara ya Bubanza nyene, muri iryo joro ryo kuri uwu wa mbere, hatewe iyindi gerenade ku musozi Rugoma, iyo nayo ikaba yakomerekeje abantu batatu. Mu giporisi bavuga ko batashoboye kumenya abayiteye.

Icuka si ciza hagati y’abanyagihugu b’aho hatewe izo gerenade, ukwikekana kukaba arikwo kurangwa muri ako karere, ahasanzwe hagwiriye abanywanyi b’umugambwe uri ku butegetsi, CNDD FDD.

Abajejwe intwaro mu ntara ya Bubanza bavuga ko amanama y’umutekano agiye gutunganwa.