Ivyo umuvugizi wa CNDD FDD yashikirije ku bamenyeshamakuru vyamutumye umukuru w’igihugu c’Uburundi amuraba nk’umwansi, ivyo bikaba vyabonekeye mu nama rukokoma y’umugambwe yahuje 11 mu bagize inama nkuru y’inararibonye muri CNDD FDD hamwe na 11 bari mu nzego nkuru z’uwo mugambwe.
Muri iyo Nama ngo hariko hirwa ibibazo bikomakomeye harimwo ikibazo c’ugusubira kwitoza ubugira gatatu kw’Umukuru w’Igihugu c’Uburundi, hamwe n’ikibazo c’intonde z’abashingamateka.
Imbere yuko ivyo vyirwa umukuru w’iguhugu c’Uburundi ari nawe mukuru w’Inama nkuru y’Inararibonye z’Umugambwe CNDD FDD akaba yasavye abari ngaho ngo hakurwe umuvugizi w’uyo mugambwe CNDD FDD ariwe Onesime Nduwayo kubera ivyo yashikirije Abamenyeshamakuru. Ariko abari ngaho bose bakaba batashimye kwifatanya nawe kuko bamumenyesheje ko Abafise uruhusha rwo kumukura ari Inama kamenuza y’umugambwe kuko ari nayo yamushizeho.
Ivyo vyose bikaba vyabaye guhera igihe c’isaha cumi n’imwe z’umuhingamo gushika isaha zine z’ijoro nukuvuga mu kiringo c’amasaha ashika kuri 5, aho hakaba hari ku musi w’ejo igenekerezo rya 14 ntwarante.
Source: RPA
Recent Comments