Umukuru w’igihugu cacu Petero NKURUNZIZA yatunganije ikiganiro kubanyagihugu biciye kumaradiyo akorera mu gihugu cacu no kumihora ya terefone.Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ati ingingo indwi (7) nizo zituma uyu mwaka aremesha ikiganiro biciye kumaradiyo ari mu gihugu, izo nazo rero ni izi zikurikira :
1.Uburundi bwaraye bushitse ku ntambwe ikomeye cane kuko ikiringo ca BNUB cararangiye bisigura yuko amahoro atakiri agasesheshwa urumuri ;
2.Bashizeho umurwi ujejwe kumenya ukuri no kurekuriranira (Commission vérité et réconciliation ‘’CVR’’) ati n’intambwe ikomeye cane ;
3.Ati aranejerejwe cane n’ukuntu ingoma z’Uburundi zanditswe mu makungu kwari ubutunzi mpuzamakungu (Patrimoine mondial) ;
4.Ati igihugu cose kiri mu mahoro n’umutekano ;
5.Haciye ukwezi hatangujwe iyandikwa ry’abazotora kandi yuko mu mezi atanu ari mbere tuzokwitorera abaturongora ;
6.Ati uyu mwaka Uburundi n’ibwo bwari burongoye ingabo zagiye kugarukana amahoro muri SOMALIA (African Mission In Somalia ‘’AMISOM’’) ati igikorwa caranguwe mu mwaka umwe kikaba kingana n’ibikorwa vyaranguwe mu myaka itanu ;
7.Ati arashima ko uyu mwaka akwije imyaka mirongo itanu y’amavuko,ngo kubwiwe iyo myaka ikaba imwibutsa ibintu vyinshi m’ubuzima bw’iwe,ubw’umuryango n’ubw’igihugu.
Mu vyabajijwe harimwo amatora yo mu mwaka uza n’uburyo ariko arategurwa.
Amashirahamwe adaharanira inyungu za politike n’imigambwe itavuga rumwe na leta imaze gusaba ko ibizova mw’iyandikwa ry’abazokwitaba amatora bitohabwa agaciro kuko ngo vyabayemwo amahinyu menshi. Petero Nkurunziza yanabajijwe ko azokwitoza ubugira gatatu, yavuze ko ico kibazo amaze kucishura incuro cumi zose asubiramwo ivyo amaze kuvuga ko atariwe yigena ngo yitoze ariko ngo ni umugambwe wiwe ubikora.
Umukuru w’igihugu yasavye ababivuga kurindira ico umugwi ujejwe amatora CENI uzoshikiriza kandi bawureke ukore ’ata gucibwa ivutu’’. CENI izobonana n’abo bose begwa n’amatora ku wa mbere uza. Petero NKURUNZIZA aragabisha uwo wese afise icifuzo cukugira imyiyerekano yiyamiriza amakosa yabonetse mw’ iyandikwa ry’abazotora muri 2015.
Umukuru w’Igihugu yemeza ko amategeko agenga amatora atanahamwe handitswe ko uwufise icahinyuye asaba ko bihindurwa abanje kugira imyiyerekano. Hanabajijwe ikibazo c’umutekano inyuma y’aho havugiwe cane abantu bataziriwe ba ’’rugoti’’ bahungabanya umutekano. Bivugwa ko ari imisoresore yoba yavuye i Kiliba muri Congo aho yoba yaraherewe inyigisho za gisirikare.
Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yahakanye ko ba rukoti batabaho ari ibihuha bijanye n’igihe c’amatora.
SRC: Ingoma
Recent Comments