Wednesday, September 27, 2023
No menu items!
HomeNewsUmukuru w'igihugu yitabiriye Ibirori vyo kwibuka imyaka 20 ihaciye Sipriyano Ntaryamira yitavyimana...

Umukuru w’igihugu yitabiriye Ibirori vyo kwibuka imyaka 20 ihaciye Sipriyano Ntaryamira yitavyimana

Imyaka mirongo ibiri irarangiye, Sipriyano Ntaryamira yahoze arongoye igihugu c’Uburundi yitavye Imana. Abava mu mugambwe yasize bagasaba ko ukuri kwoja ahabona kubijanye n’urupfu rwiwe.

Hari kw’igenekerezo rya 7 Ndamukiza mu mwaka w’i 1994 aho umukuru w’igihugu c’Uburundi, Sipriyano Ntaryamira yitabimana bivuye kw’isanganya ry’indege ryabaye igihe yari m’urugendo mu gihugu kibanyi c’Urwanda.

Kuri uno munsi wa mbere, igenekerezo rya 7 Ndamukiza umwaka w’i 2014, imyaka 20 ikaba irumanye uwo yahoze arongoye igihugu c’Uburundi ashengeye. Ibirori vyo kwibuka uyo muhisi bikaba vyatangujwe n’inkuka y’imisa yari yitabwe n’abanyenicubahiro batandukanye harimwo n’umukuru w’igihugu c’Uburundi, Petero Nkurunziza.

Inyuma y’inkuka y’imisa yabereye kuri Cathedrale Regina Mundi, ibirori vyaciye bibandanirizwa ku ntatemwa ya Sipriyano Ntaryamira, ahahashinguwe ndetse n’abandi banyenicubahiro batandukanye b’Uburundi bashengeye. Umukuru w’igihugu, Petero Nkurunziza akaba ariwe yatanguye gushira urugori rw’amashurwe ku ntatemwa ya Sirpiyano Ntaryamira. Inyuma, hakurikira abaserukira ibihugu vyabo hano mu Burundi, umuryango wiwe n’iyindi migambwe yemewe n’amategeko.

Iruhande y’iyo ntatemwa ya Ntaryamira nahone hashizweko ingori z’amashurwe ku bategetsi bahitanywe niryo sanganya ry’indege yarimwo umukuru w’igihugu Sipriyano Ntaryamira, kuri iryo genekerezo rya 7 Ndamukiza 1994.

Muri ivyo birori vyo kwibuka imyaka 20 ihaciye Sipriyano Ntaryamira yitavyimana, abari aho bakaba bumvirije ijambo umuhisi yasize avuze ko hakwiye “discipline” ; ni ukuvuga “kugira indero” mu nzego zose z’igihugu.

Umukenguzamateka Sylvere Ntibantunganya, ari mubahoze ari abagendanyi b’umuhisi Ntaryamira akaba mbere yari ari n’umukuru w’inama nshingamateka ku ntwaro ya Ntaryamira yamenyesheje ko ijambo umuhisi yasize avuze rifise uburemere kuko discipline ikenewe mu mice yose y’igihugu kandi ko iryo ragi rikwiye kuguma rikurikizwa.


Umukenguzamateka Sylvestre Ntibantunganya

Ntibantunganya agira ati : “Abarundi bakwiye kugira discipline aho bari hose muvyo bajejwe bahereye mu mihana yabo. Nk’akarorero, mu gisata kijejwe gutunganya ibisagara, abukaba bakwiye gukurikiza amategeko bahawe mu kwubaka mu rutonde. Mu ntwaro, abategetsi bakwiye kwisunga amategeko mu gukora akazi bajewe. Abacamanza nabo, bakareka guca urwankunzi baravye ka mwene wa mama. Gutyo discipline izoheza ibeho mu nzego zose z’igihugu”.

Mwomenya ko muri ivyo birori vyo kwibuka imyaka 20 ihaciye Sipryiano Ntaryamira ashengeye, umutambukanyi wiwe hamwe n’abana biwe batatu yasize atanumwe yashoboye gushika muri urwo rubanza.

Sources : Igihe Burundi

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments