Urwete rwashizweko umukono n’abantu bagera ku 1 900 rwarungikiwe umukuru w’igihugu c’Uburundi, umukuru w’igihugu ca Congo, uwuserukira ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika mu Burundi hamwe aserukira umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi.
Vital Nshimirimana, aserukira ishirahamwe FORSC
Vital Nshimirimana, aserukira ishirahamwe FORSC yamenyesheje kuri uyu wa gatanu wa 18 Mukakaro, ko urwete rwarungikiwe izo ndongozi zine, ari urusaba ko hoba amatohoza kuvyerekeranye n’ibirwanisho bivurwa ko vyatanzwe ku rwaruka rw’imbonerakure z’umugambwe CNDD FDD. Urwo rwete rugasaba kandi ko hoba amatohoza kubivurwa ko hari n’urwaruka rw’Uburundi rwoba ruriko ruragira imyimenyerezo ya gisirikare mu gihugu kibanyi ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo.
Naho hashizweko umukono abantu ibihumbi 19 gusa, Vital Nshimiramana yamenyeshejeko bari kurenga kuko mu bantu bashizeko umukono kuri urwo rwete hari abagiye baraburabuzwa mbere bamwe muribo barapfungwa bica bituma hari abagira ubwoba kubishirako umukono.
Icatumye barungikira urwo rwete umukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi, Pacifique Nininahazwe arongoye ishirahamwe FOCODE, yamenyesheje ko ari kubera ko iryo shirahamwe, mu kwezi kwa kane ariryo ryemeje biciye mu rwandiko rwo mu kinyegero ko hariho ibirwanisho vyoba biriko biratangwa.
Akavuga ko bari baje kwibutsa ko ishirahamwe BNUB rifise uruhara rwo gukora ku buryo ivyo bintu bimenyekana bikaca ahabona kugira abantu ntibazohave barwa mu kaga kandi bari baburiwe. Ikindi naco, kwari ukwibutsa ko mu gihugu giharanira intwaro rusangi ya Congo, ishirahamwe mpuzamakungu ONU rifise uruhara ntangere mu kurwanya bene iyi mirwi yose bita “les force negatives”, baba abava mu bindi bihugu canke abagiye barava mu Burundi.
Pacifique Nininahazwe
Pacifique Nininahazwe akavuga ko bitumvikana ukungene ishirahamwe mpuzamakungu MONUSCO riri muri Congo ataco ririko rirakora muri ivyo bibazo haba kubivurwa ko hari aba FNL canke iyindi mirwi yoba iriyo, abe ariyo ibiheza bikanatuma bavuga ko hari abarundi boba bajayo kugira baje kurwana n’iyi mirwi iriyo.
Amashirahamwe yashikirije urwete, ariyo FORSC, FOCODE, APRODH hamwe n’amashirahamwe y’abamenyeshamakuru akaba yasavye umukuru w’igihugu kudafata minenerwe akamo yatewe n’abanyagihugu kuko abantu bagera ku bihumbi 19 atari igitigiri kitari gito.
Mwomenya ko ayo mashirahamwe avuga ko Reta y’Uburundi, abashingwamateka n’umuhuza w’abarundi bafashe minenerwe ico kibazo mu gihe haciye amezi ane havurwa ko hoba hariko haratangwa ibirwanisho mu Burundi.
Sources : Igihe Burundi
Recent Comments