UBM News ads UBM News ads
Wednesday, July 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Umukuru w’igihugu Varisto Ndayishimiye akwiye gutanga imihoho-Fréderic Bamvuginyumvira

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Fréderic Bamvuginyumvira arongoye urunani Cfor Arusha ruhurikiyemwo imigambwe n’abanyepolitike batavuga rumwe na Leta avuga ko umukuru w’igihugu varisto ndayishimiye akwiye gutanga imihoho kuko gutwara vyamaze kumuta kuw’amazi maze hakaza Leta nshasha ishobora gukemura ibibazo biri mu gihugu.Ibi abishikirije inyuma yaho kumusi wa gatandatu umukuru w’igihugu varisto Ndayishimiye avugiye mu ntara ya gitega ko umwimbu wagenze neza mugihugu cose mbere ko abanyagihugu batazoshobora kubirya ngo babimare.


Fréderic Bamvuginyumvira aranegura amajambo yama ashikirizwa n’umukuru w’igihugu varisto kuko abigira abizi mu ntumbero yo guhuma amaso abarundi mu bibazo barimwo aho kubitorera umuti

Bamvuginyumvira agira ati:«umuntu yotegera ko umukuru w’igihugu abigira abibona.si ubwa mbere avuga ko abanyagihugu banezerewe none n’iki conezera abanyagihugu mu gihe ata sukare iriho,Babura amazi,nta muyagankuba uhari,igihe ata bitoro Bihari akaba ata nakimwe kiriko kirakorwa ngo ibintu bihinduke.niho abantu baca bibaza ibibazo ati aya majambo umukuru w’igihugu avuga uku bisigura iki?kuki yigira nk’umukehabwenge kandi azi ibiba biriko biraba.yibaza ko abarundi batabona ibiriko biraba?ico twokuramwe nuko Varisto Ndayishimiye ata nyishu afise ku bibazo igihugu kirimwo,ntashoboye gutwara ngo abogore igihugu.»

Kubwa Frederic Bamvuginyumvira abona ko hageze ko umukuru w’igihugu Varisto Ndayishimiye atanga imihoho kuko gutwara vyamutaye kuwamazi hakaza abandi babishoboye kuko Umugambwe uri kubutegetsi umaze imyaka 20 wiba usahura itunga ry’igihugu gusa kandi bikaja mu karwi k’abantu bake,amahera y’agaciro agasahurwa yose.ikibabaje nuko ubutungane nabwo bwamaze guhabwa jondama ataco bugishoboye.

Frederic arongera ati:«ico gihugu mwabonye ciba kitariko kirakora n’icahe?iyo nka ikamwa ataco itaragiwe n’iyahe?uyu musi Prezida Evariste niyemange yuko CNDD yabo bayigize kurya ejo bundi yavuze ngo imbonerakure zikomere mugabo amaherezo nuko igihugu gisambutse.ubu tubibaze nde?kuko twarahanuye baranka kwumva ubu rero nibemange ko bibananiye bashire hasi akanyarigabo kabo bavuge bati barundi barundikazi vyatunaniye maze abashoboye kuza gufasha tuze twicare tuganire igihugu gisubire kumurongo.»

Igihugu kiriko kiraca mu bihe biteye ubwoba cane mbere abarundi batari bake bari mumwiheburo baravye uko igihugu cifashe muri bino bihe.igihugu kiri mubibazo vy’igitoro,isukare,amafranga y’agaciro,ibinyobwa vya Brarudi,umuyagankuba.birakenewe ko Leta igira akigoro kaboneka kugira igihugu gisubire kumurongo bibaye ngombwa bicarane n’abarundi batari bake bahunze igihugu kuko nabo bafise vyinshi boterera mu bibazo vya Politike,ubutunzi n’imibano.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments