Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA aragabisha abashaka kubiba amacakubiri mu gihugu

2

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Pierre NKURUNZIZA amenyeshako ubumwe bw’abarundi budasigura kumva ibintu kumwe canke guhuriza kuri vyose ariko ubumwe bufasha gutandukanya ikibi n’iciza ikibi kikavugwa ko ari kibi iciza naco kigashikigirwa mu gushira ineza y’igihugu imbere.

Ivyo yabishikirije mw’ijambo umukuru w’igihugu yashikirije abarundi mu gihe k’umusi wa mbere igenekerezo rya 5 Ruhuhumba Uburundi buca buhimbaza ku ncuro ya 27 hashinzwe ubumwe bw’abarundi.

Mw’iryo jambo ,umukuru w’igihugu c’Uburundi Pierre NKURUNZIZA yamenyesheje ko ubumwe ari inkizo ikingira igihugu bukaba kandi n’inzira ishikana ku bikorwa ibikorwa navyo bikashikana ku majambere.

Pierre NKURUNZIZA yavuze ati:“Ubumwe niyo nkingi n’inkizo vy’Uburundi ,nta bikorwa n’amajambere bishoboka hatarubumwe,uwovyiyumvira yoba asa n’uwutekera amazi murukangaga.”

Pierre NKURUNZIZA yasavye abarundi kwima amatwi ba sesa nkuyoze kuko kenshi intumbero yabo aba ariyo kubiba amacakubiri hamwe n’imyifato ivangura.

Uyo mukuru w’igihugu c’Uburundi yasavye abarundi kwiyamirizaikintu cose cosubiza mw’ihumbi abarundi.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi yashikirije ko mu ntumbero yo gukomeza ubumwe bw’abarundi nico gituma haheruka Kugenwa abantu bagize inama y’igihugu ijejwe ubumwe no kunywanisha abarundi hamwe n’abagize inama y’igihugu ijejwe gukinga no kugwanya ihonyabwoko n’ibindi vyaha vyagahomerabunwa

Kubw’umukuru w’igihugu c’Uburundi,ubumwe bw’abarundi ntibumaze imyaka 27 ariko bumaze imyaka uburundi bumaze bubayeho .

Pierre NKURUNZIZA yavuze ati: “ubumwe bw’abarundi ntibumaze imyaka 27 ariko bumaze imyaka uburundi bumaze bubayeho, ayo masezerano y’ubumwe bw’abarundi yaje kwibutsa abarundi ko hari agahaze ko twinjiramywe ,ko tumaze hafi imyaka ibihumbi dusinzikajwe n’ishano twatewemwo n’abakoroni dukeneye umurogoro w’ukuri uzova mu kugaruka mw’isoko ry’ubumwe ,ubumwe n’ibikorwa n’ingendo bishingira intahe ”

Ubumwe bw’abarundi bwashinzwe kw’igenekerezo rya 5 ruhuhuma umwaka w’i 1991 ku ntwaro y’umukuru w’igihugu Pierre BUYOYA inyuma y’impari nyinshi zishingiye ku moko aho bamwe basaba ko inzego zitwara igihugu zojamwo amoko yose abandi nabo bavuga ko ata moko ariho ko bose ari abarundi ata moko ahari uwutwaye atwarira bose.

Uyo mukuru w’igihugu c’Uburundi muriryo jambo yiwe yasavye abarundi kwima amatwi ababahuvya kuko atawovugako ko akunda benewabo yama abasabira ibihano mu makungu ,kwama ukokeza ingwano.

Pierre NKURUNZIZA yavuze ati: “ turamiriye kure inyigisho z’abakoroni zajanye amacakubiri ,dushire hamwe ,dusenyere ku mugozi umwe, Nta rugamba na rumwe twotsinda tutibangikanije iyo nkizo ,tubutsimbataze ,tububungabunge no kubukingira ico cose coza gishaka kubuhungabanya maze ubumwe butubere isoko ry’amahoro n’iterambere rirama.”

Mu gihe haciye imyaka hafi 3 hadustse indyane zishingiye ku kwitoza k’umukuru w’igihugu c’Uburundi Pierre NKURUNZIZA, bamwe bavuga ko ari incuro ya 2 abandi bakavuga ko ari incuro ya 3 bigatuma abantu batari bake mu Burundi bahunga harimwo n’abanyeporitike bamwe bamwe ,uyo mukuru w’igihugu c’Uburundi yateye akamo abarundi yita ko bataye umurongo bipfuza gushika ku maronko n’izindi nyungu z’uburyarya mu gushinga amacakubiri ko ataho bazomenera kuko inzira zose zugaye

2 COMMENTS

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here