UBM News ads
Sunday, December 3, 2023
No menu items!
UBM News ads

Umukuru w’igihugu ”Petero Nkurunziza ” yatowe nk’umukinyi w’ambere azi gukina neza

Umwaka w’inkino w’2013 warereye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza mu murwi Hallelua FC w’umupira w’amaguru asanzwe akinamwo. Petero Nkurunziza, umukinyi w’umusatirizi akina imbere yambaye inomero icenda niwe yatahukanye ikibanza c’umukinyi yinjije ibitsindo vyinshi, kandi yerekanye inkino nziza kurusha abandi bose mu mwaka w’2013.

Ku myaka y’amavuka irenga mirongo itanu, Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu c’Uburundi yareretse abandi bakinana mu murwi Hallelua FC ko ubusaza atagira namba. Mu nkino 28 zabereye mu ntara zitandukanye zigize igihugu c’Uburundi, umukinyi w’imbere Petero Nkurunziza yashoboye kwinjiza wenyene ibitsindo 39, ari navyo vyamuhaye ikibanza ca mbere c’abafise ibitsindo vyinshi mu mwaka w’2013. Ntivyahereye ngaho, kuko yarongeye atorwa kuba ariwe mukinyi yerekana urukino rwiza, mu buhinga no mu tundi tugenegene turyohera ijisho mu kibuga.

Abantu bazi Petero Nkurunziza kuva akiri umunyeshure mu mashure yisumbuye, bamenyesha ko yamye akunda inkino, akaba yari n’umukinyi w’igihangange mu mupira w’amaguru. Amaze guheza amashure ya kaminuza, yaramenyereje umurwi w’umupira w’amaguru “Union Sporting”, imbere y’uko ahunga igihugu akinjira ishamba. Amaze kugaruka, yaciye yegeranya abo bahora bakinana, baca bashinga umurwi “HALLELUA FC”, ugizwe n’abakukuruke bakunda umupira w’amaguru, yongera atanguza mu mwaka w’2004, ishure ry’umupira w’amaguru “Le Message”.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments