Mu rugendo umukuru w’igihugu c’Uburundi arimwo mu gihugu c’Ubufaransa aho yaroye kwambikwa urugori rw’umukuru w’igihugu aharanira amahoro (Grand Croix de la commémorative de la Paix), Petero Nkurunziza yakiriye umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu w’Ubufaransa Laurent Fabius.
Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu c’Uburundi mu mubonano n’umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu w’Ubufaransa Laurent Fabius
Nk’uko aya makuru tuyakura ku buhinga ngurukanabumenyi bw’ibiro vy’umukuru w’igihugu (Facebook), umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yabonanye n’umushikiranganji w’imigenderanire y’Ubufaransa n’ayandi makungu, Petero Nkurunziza akaba yasavye ko Ubufaransa bwoshigikira Umukenguzamateka Petero Buyoya mw’ihiganwa arimwo n’abandi mu kurongora ishirahamwe ry’abakoresha ururimi rw’igifaransa.
Mwomenya ko Umukenguzamateka Petero Buyoya yahoze arongoye Uburundi, ubu akaba ari umuserukizi adasanzwe w’ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Afrika mu gihugu ca Mali no mu karere ka Sahel, akana ariko arahiganwa n’abandi bantu bigeze kuba bajejwe amabanga akomakomeye muri Afrika, aha tukavuga nk’uwo mw’izinga rya Maurice Jean Claude de L’Estrac, hamwe na Henri Lopes yahoze ari umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Congo Brazzaville, ubu akaba aserukira ico gihugu mu Bufaransa. Abo abo bose, bakaba bariko barahiganwa kuzosubirira Abdou Diouf yari amaze igihe ariwe arongoye OIF (Organisation Internationale de la Francophonie).
Sources : Igihe Burundi
Recent Comments